ONLINE RADIO

WE ARE LIVE NOW!

Breaking

Wednesday, May 24, 2023

#Gitega: Hariko harashigwaho abagwizankwavu kuri buri zone



 Abarwizankwavu 24 bo mu mazone atandukanye y'intara ya Gitega ni bo bamaze guhabwa inkwavu 13 zivyara n'isuguru 2 umwumwe mu ntumbero yo kuzirwiza kugira abandi bazozironke vyoroshe kandi bashobore kuronka iz'ubwoko bwiza.


Buramatari w’iyo ntara ya Gitega Venant Manirambona amenyesha ko uwo mugambi bawiyumviriye inyuma y’aho baboneye ko benshi mu batunze inkwavu bafise ubwoko butari bwiza. Umwe mu mvukira za Gitega akaba yaciye yiyemeza gutanga uburyo bwo kuzigura.


Venant Manirambona abandanya ashikiriza ko bafise ari uko n'imiburiburi inyuma y'umwaka urugo rwose rwo muri iyo ntara rwoba rutunze urukwavu nk'uko bisanzwe bitegekanijwe mu mugambi wa Reta.

No comments:

Post a Comment