ONLINE RADIO

WE ARE LIVE NOW!

Breaking

Wednesday, May 24, 2023

Hagiye kuzotangwa uburyo hisunzwe imigambi izorangurwa mu makomine

 


Ivyo ni ibishikirizwa n’umukuru w’inama nshingamateka mu kiganiro c'iminsi 3 kiriko kibera mu ngoro y’amakoraniro mu Kigobe catanguye ku wa 22 Rusama 2023, kiriko gishikirizwa n'umugwi wamaho mu nama nshingamateka muvyo ujejwe harimwo ubutunzi,cerekeye gutanga uburyo habanje kwerekanwa ibikorwa bizorangurwa intambwe ku ntambwe(Budget programme)mu kiringo ca 2023-2024.


Ico kiganiro citabwe n'abashingamateka, abashikiranganji, abanyamabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji butandukanye hamwe na ba Buramatari, kikaba kijanye n'ugushiraho igitabu cisungwa mu migambi y'iterambere ry'amakomine (PCDC modèle) bakagihuza n'uburyo bukoreshwa na Reta mur'ico kiringo mu ntumbero yo gukurikirana neza ibikorwa vya Reta.


Umushingamateka Nestor Ntahontuye arongoye uwo murwi wamaho amenyesha ko akarusho kazova mu kwisunga ico gitabu  ari ugufasha kudata umwanya bakora ivyo bitabu kuko vyinshi bizoba birimwo. Ngo hazoba hasigaye gusa kwuzuza ibiharuro bijanye n'ivyategekanijwe kurangurwa hamwe n'ivyashitsweko mw'ikomine. Ikindi ngo n'uko hatazokenerwa abahinga (consultants) bo kuraba umusaruro wavuye mu makomine kuko ibiharuro bizoba vyibonekeza. Ivyo rero ngo bizofasha kugira vyorohe kubona neza uburyo bukenewe kugira ibikorwa mu makomine bigende neza.


Gélase Ndabirabe arongoye inama nshingamateka yarerekanye ko ishirwa mu ngiro ry'ico gitabu rizofasha gushika kw'ihangiro Reta yihaye ko mu mwaka wa 2040 Uburundi buzobe ari igihugu kiri mu nzira y'iterambere, mu mwaka wa 2060 naho kikazoba ari igihugu giteye imbere, mbere iryo hangiro igihugu gishobora kurishikako imbere yayo masango hamwe iyo ndinganizo yokwirikizwa neza.

No comments:

Post a Comment