ONLINE RADIO

WE ARE LIVE NOW!

Breaking

Tuesday, May 16, 2023

Umugambi wacu bawugira muto kandi wotunga igihugu!




 Abanwanyi ba Coopérative "#Mbegera_bunini" barimira imyumbati yomekereye (#gréfage) muri Zone #kabuye mu ntara ya #kayanza k'uburyo ku giti kimwe hashobora kwimbukako ibiro biri hagati ya 100-150 bavugako bababazwa n'uko uwo mugambi wabo ufatwa nk'umugambi muto kandi wotunga igihugu.


Mu kiganiro yagiranye n'abamenyeshamakuru kuri uyu wa gatandatu uheze, #Emmanuel_BARUKINAMWO arongoye iyo Coopérative igizwe n'abanwanyi 30 yavuzeko ihegitare 5 z'iyo myumbati arizo baherutse kurima kandi ko amaze kuyaga n'abahinga bo mu bindi bihugu kugira bamwereke ingene hambavu yo kuyifungura nk'iyindi iyo myumbati izohingurwamwo inzoga njabukamazi,ikeke,ivyapati,ibitumbura n'ibindi ariko akavuga ko amashirahamwe afasha urwaruka ruri ku kivi afata uwo mugambi nk'ibisanzwe kuko atangurane y'imiriyoni 5 bashobora kubaha mu gihe ku bw'iwe n'ubwo zorenga 100 ihangiro ryabo batorishikako kuko bipfuza ko ubwo buhinga bukwira igihugu cose.


Mu gihe iyo myumbati ngo imaze gushikanwa mu ntara za#kayanza, #Ngozi, #Gitega,#Muyinga, #Karusi na #Bujumbura arahumuriza abaguze imivyaro bakayitera hafi y'uruzi rusizi igatwarwa ko azobashumbusha akavuga kandi ko abipfuza umuvyaro ugurwa amafaranga 5000 uwuyikeneye akagira komande canke bakishikira aho bakorera.


#bdusamedia 

#uburimyi

No comments:

Post a Comment