ONLINE RADIO

WE ARE LIVE NOW!

Breaking

Tuesday, May 16, 2023

Uwutazoba arashira amatara ku rupangu rwiwe gushika ku wa 21 Rusama 2023 azofatwa nk'uworohereza abagizi ba nabi

 


Mu kiganiro yagiranye n'abenegihugu bo mu gisagara ca #Bujumbura kuri uyu wa 15 Rusama 2023, Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu Gihugu, iterambere rusangi n’umutekano, Martin Niteretse yasavye abanyagisagara ca Bujumbura gushira amatara abonesha hanze ku mpangu zabo.

Yanamenyesha kandi ko gushika kuwa 21 Rusama 2023 uwutazoba arashira ayo matara ku rupangu rwiwe azocibwa amande kuko azofatwa nk'uworohereza abagizi ba nabi. Ikindi nuko atawuzosubira guhagarika imodoka ku mpande z'amabarabara.

No comments:

Post a Comment