ONLINE RADIO

WE ARE LIVE NOW!

Breaking

Wednesday, May 17, 2023

Burundi: “Urwaruka rukiri ku ntebe y'ishure rwitegurire imirimo ni rwaheza amashure ntiruzozere inze”.



 Mu kiyago cashikirijwe kuri Université de Ngozi kuri uyu wa 16 Rusama 2023 n'abo mu mugambi PAEEJ bagarutse ku nkingi zidahara mu gutegura umugambi harimwo :


-Kumenya umugambi n'ibikenewe kugira umugambi utere uja imbere,


-Kumenya aho uwo mugambi uzorangurirwa,


-Ikiringo umugambi uzomara n'ibizotuma umugambi uramba,


-Kugira umugwi canke kuja hamwe n'abandi, abazokora muri uwo mugambi ,


-Kwiyumvira bishasha/akabirya n'izindi nkingi zotuma umugambi wemerwa n'abafasha mu gufata mu mugongo urwaruka nk'uko vyashikirijwe na Alida Niyongabo, umuhinga ajejwe inyigisho muri #PAEEJ.


Abanyeshure bo muri kaminuza y'i Ngozi n'abo mu yandi makaminuza bahamagarirwa gutangura kwiyumvira imigambi y'iterambere, kuraba no kwihweza imigambi bazorangura kugirango bahejeje amashure ntibazokwihutire gusaba akazi Reta ahubwo bagatange bivuye ku migambi irashe.


Ico kiyago catunganijwe n'ishirahamwe Bibliothèques Sans Frontières rifatanije n'ikinyamakuru Magazine Jimbere, kikaba kigamije guhimiriza urwaruka rukiri ku ntebe y'ishure gutegura umugambi worufasha kubandanya runagura ubwenge mu kubandanya ivyigwa kandi rwiteza imbere biciye mu migambi itandukanye, ivyo bikorwa bikaba vyafashwe mu mugongo n'umuryango w'ubumwe bwa buraya.

No comments:

Post a Comment