ONLINE RADIO

WE ARE LIVE NOW!

Breaking

Wednesday, May 17, 2023

Inkino: Umwigeme Niyonkuru Lynca yaraye ateye iteka Uburundi.



 Mu mahiganwa y'urukino rwo kunagana muri Africa ariko abera i #Hammet mu gihugu ca Tunisiya, umwigeme Niyonkuru Lynca Gloria wo muri club Gitega yaraye aronse ikibanza ca kabiri mu batarenza imyaka 17, bituma Uburundi butahukana umudari w'umujumbu (argent).


Nibizi Elie arongoye ishirahamwe ry'urwo rukino mu Burundi we amenyesha ko uyo mwigeme afise kazoza keza : "Uravye imyaka afise n'ubuhinga afise, turizeye ko azozana ubushimwe butari buke mu #Burundi muri kazoza. Mbere no ku mugoroba wo kuri uno wa gatatu arafise urukino aza gukina, turizeye ko narwo nyene aza kurutahanamwo uwundi mudari".


Mwomenya ko uyu mudari uje wiyongera ku wundi w'umujumbu n'uwinzahabu bari basanganywe, bakaba bimirije kwitabira irindi higanwa ryo kwisi yose ry'urukino rwo kunagana ku musenyi rizobera muri Singapour.


Kugeza ubu, urukino rw'umwereka mu Burundi rukinirwa mu ntara 10 arizo: Bujumbura, Bururi, Gitega, Karusi, Muranvya, Ruyigi, Bubanza, Kirundo, Makamba na Cibitoke.

No comments:

Post a Comment