ONLINE RADIO

WE ARE LIVE NOW!

Breaking

Tuesday, May 16, 2023

Haraye hatangujwe igisata cigisha ikirusiya mu #Burundi.

 


Kuri uno wa mbere, igenekerezo rya 15 rusama 2023 niho hugururwa kumugaragaro igisata cigisha ururimi rw'Ikirusiya muri kaminuza y'Uburundi.


Valery Mikhaylov aserukira Uburusiya hano mu Burundi yavuze ko icatumye biyumvira gutanguza ico gisata muri kaminuza ari ukugira ngo abarundi baja gukurikirana ivyirwa mu #Burusiya bashike boroherwa mu kuvuga urwo rurimi rusanzwe arirwo bigamwo. 


Ivyo biri uko mugihe umwaka w'ishure buca utangura hitezwe abarenga ijana bazoronka uburenganzira bwo kuja muri ico gihugu.


Nayo Audace Manirambona umuyobozi wa Kaminuza y'Uburundi yasavye ko n'igisata c'igisha ikirundi cojaho, kurya abarusiya bashaka ko abarundi biga ururimi rw'abo nabo bige ikirundi, abaza aha mu burundi bazohore baganira mu kirundi.


Tubamenyeshe ko ivyo birori vyari vyitabwe n'abategetsi batandukanye bize mu Burusiya harimwo n’uwahoze ari icegera ca kabiri c'umukuru w'igihugu Joseph Butore.

No comments:

Post a Comment