ONLINE RADIO

WE ARE LIVE NOW!

Breaking

Wednesday, May 24, 2023

Ikibanza c’i Ratiro ca Ruvubu ntikikironka umwimbu ushimishije.




Ba mukerarugendo b'abarundi batozwa 5000 vy'amahera y'amarundi ,ba mukerarugendo b'abanyamahanga bagatozwa amadorari 20 igihe baba bagiye gutembera mu kibanza c'i ratiro gikingiye co mu Ruvubu.


Barindintwari Mariko ajejewe uruhongore kama rwa Ruvubu amenyesha ko

ata mahera aboneka bakironka bitewe

n'ubukenye bw'ibikoresho, urwo ruhongore rukaba rwakira ba mukerarugendo bari hagati ya 300 na 500 ku mwaka.


Ivyo yabishikirije kuri uyu wa 23 Rusama 2023 mu rugendo rwagizwe na Bochu Claude aserukira ishirahamwe ry'ubumwe bwa buraya arikumwe n'abari mu mugambi BIOPAMA, abamenyeshamakuru, abacunga ibikoko, hamwe n’abakora mu kigo OBPE.

 

Barindintwari abandanya ashikiriza ko gushika ubu bafise utwuma tubiri gusa natwo nyene tudashemeye bakoresha mukwereka ba mukerarugendo ibikoko biri mu ruhongore.


Ni mugihe urwo ruhongore rupima amahegitari ibihumbi mirongo itanu n'amajana umunani, ubwaguke bungana n'ibirometero mirongo itandatu na bitanu (65km) rubamwo amoko y'ibikoko menshi atandukanye mw'ishamba no mu ruzi.


Hakaba hagiye kwubakwa inyubako ba mukerarugendo bazoza bararuhukiramwo mu kwivuna umusase ,utuyira bacamwo binjiye mu ruhongore tukaba tugiye gusubirwamwo ngo ivyo bikazofasha kurwiza umwimbu.

No comments:

Post a Comment