ONLINE RADIO

WE ARE LIVE NOW!

Breaking

Wednesday, May 17, 2023

Ivyokorwa kugira umwimbu w’ubutare wiyongere mu #Burundi.



 Ahatari hake bimba inzahabu umwimbu ugenda urahindagurika, ariko ngo ahanini ivyo biva ku bimba banyegeza inzahabu, nk'uko Uwizeye Ibrahim Umushikiranganji ajejwe amasoko ntanganguvu yabishikirije mu nama yabereye mu ntara ya Muyinga, kuri uyu wa 16 Rusama 2023, ihagarariwe n’umushikiranganji wa mbere Gervais Ndirakobuca.


Muri iyo nama, Gervais Ndirakobuca yasubiye kwibutsa abimba inzahabu n'abandi ko ubutare bwose ari ubwa Reta, ari co gituma umushikiranganji wa mbere ahamagarira abajejwe intwaro n'umutekano kugwanya abimba nabadandaza inzahabu bidaciye mu mategeko.


Umushikiranganji wa mbere akaba yanabahanuye gukoresha ubuhinga bugezweho kugira ngo bagwize umwimbu, kuko kuva habaye ihimiriza ry'abimba inzahabu ko bogwiza umwimbu, gushika ku wa 14/05/2023 mu bubiko bw'ibanki nkuru y'igihugu habitswe amagarama 98.000.

No comments:

Post a Comment